Obama muri Senegal

Kuva i bubamfu uja i buryo: Marieme Faye Sall, Barack Obama, Michelle Obama, Macky Sall
Insiguro y'isanamu, Kuva i bubamfu uja i buryo: Marieme Faye Sall, Barack Obama, Michelle Obama, Macky Sall

Umukuru w'igihugu wa leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, yakeje igihusu ca Senegal ariko aragendera, avuga ko kiri mu bihugu bifise demokrasi ibushitse muri Afrika.

Aho yavugana n'abanyamakuru ku munsi wa mbere w'urugendo rwiwe rw'iminsi itatu muri Afrika, amaze kubonana n'umukuru wa Senegal, bwana Obama yavuze ko Senegal yagize amatora ku mugaragaro ubutegetsi buhinduka mu mutekano.

Yanakeje kandi ico gihugu kuba carakemuye amatati biciye mu biganiro atari mu migere.

Yavuze ko umugabane wa Afrika wateye intambwe nini cane mu nzira ya demokrasi muri ino myaka mike iheze.

Bwana Obama azoca agendera Afrika y'epfo, aho uwahoze atwara ico gihugu, Nelson Mandela, aremvye cane mu bitaro.

Yabariye abanyamakuru ko ivyiyumviro vyiwe n'amasengesho, vyerekeye umuryango wa Mandela.